Uko wahagera

Abakozi 5 b'Abagiraneza Barishwe n'Intagondwa muri Nijeriya


International Rescue Commitee IRC

Intagondwa z’abayisilamu zarishe abakozi batanu bakora mu gisata co gutanga imfashanyo zanyuruje mu kwezi guheze mu buraruko bwa Nijeriya. Abo bakozi bakorera ishirahamwe ry’abagiraneza ry’Abafaransa, Action Contre la Faim.

Iyi nkuru itangajwe inyuma y’aho umugwi w'abarwanyi ufatanije n’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu usohoreye amasanamu ya videwo kuri interinet yerekana abagabo batanu b’abanyanijeriya bariko baricwa.

Iryo shirahamwe ryavuze ko abo bakozi baryo banyurujwe n’umurwi w’abitwaje ibirwanisho muri reta ya Borno, mu buraruko bwa Nijeriya kw’itariki 8 y’ukwezi kwa gatandatu.

Irindi shirahamwe ry’abagiraneza International Rescue Committee (IRC)rifise icicaro muri Amerika, ryemeje ko umwe mu bakozi baryo ari mu bishwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG