Uko wahagera

Mali: Abakora Imyiyerekano Bavuga ko Bashobora Gutanga Agahengwe


Abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Mali bavuze ko bashobora guhagarika imyiyerekano mu myiteguro yo guhimbaza umunsi mukuru w’abayisilamu, Eid wimirije. Ni mu gihe abakuru b’ibihugu bitanu vyo mu karere ka Afrika y’uburengero bari mu myiteguro yo kuja muri Mali muri iyi ndwi kwumvikanisha abashamiranye.

Perezidanse ya Mali, yatangaje ko abakuru b’ibihugu vya Cote d’Ivuware, Ghana, Senegal na Nijeri bitezwe kuri uyu wa kane ku murwa mukuru Bamako.

Perezida wa Mali Ibrahim Boubacar Keita ahanzwe n’umuhari wiswe “Mouvement du 5 Juin” umaze indwi zitari nke mu myiyerekano yatanguye mu ntango z’uku kwezi ihitana abantu 11 n’abandi 158 bakomeretse.

Abatavuga rumwe na we bamusaba kuva ku butegetsi kuko yananiwe kunagura ubutunzi, gutuza ibiturire no kurwanya intagondwa z’abayisilamu bamaze imyaka umunani bahungabanya umutekano w’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG