Uko wahagera

Misiri: Perezida Yemerewe Kurungika Inteko muri Libiya


Inama nshingamateka ya Misiri
Inama nshingamateka ya Misiri

Abashingamateka ba Misiri kuri uyu wa mbere batanze uburenganzira bwo kurungika abasirikare hanze y’imbibe, inyuma y’aho Perezida Abdel Fattah al-Sisi avugiye ko ashobora kurungika inteko mu gihugu kibanyi ca Libiya.

Perezida Sisi yamye agabisha ko mu gihe inteko za reta ya Libiya yemewe na ONU zokwegereza igisagara ca Sirte ashobora kurungika abasirikare biwe ku mvo z’umutekano w’igihugu.

Misiri, Emirat zunze ubumwe z’Abarabu hamwe n’Uburusiya, bashigikiye uruhande rwa Khalifa Haftar ruharanira kwigarurira Tripoli, mu gihe reta ishigikiwe na ONU ifashwe mu mugongo na Turukiya.

Ku munsi wa mbere, Perezida, Sisi yaravuganye na Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump, bemeranya gukomeza umugambi wo guhagarika intambara muri Libiya no gutanguza ibiganiro bigamije kurondera inyishu irama ya politike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG