Uko wahagera

Abanyesudani b'Abacangero 160 Barafatiwe muri Libiya


Abarobeli muri Libiya bafashe abacangero i Benghazi

Igisirikare ca Sudani cahagaritse abanyagihugu baharurwa kw’160 barimwo abanyamahanga babiri ku rubibe ico gihugu gihana na Libiya. Bavuga ko bari bagiye mu gihugu kibanyi ca Libiya gukora nk’abacangero mu ntambara.

Jenerali Mohamed Hamdan Dagalo, arongoye igisirikare ca Sudani co muri iki gihe c’imfatakibanza yavuze ko badashobora kwemera ko hari abacangero b’abanyesudani baja kurwana muri Libiya.

Mu kwezi kwa mbere, umurwi w’abahinga ba ONU wavuze ko hari abarabu benshi bo muri Sudani mu ntara ya Darfur n’abo mu gihugu kibanyi ca Chadi bariko bararwana nk’abacangero muri Libiya.

Mu kwezi guheze, Sudani yarafashe abandi bantu 122 barimwo abana umunani muri Darfur y’uburengero bari mu myiteguro yo kuja kurwana nk’abacangero mu ntambara muri Libiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG