Uko wahagera

OMS: Intambara muri Afrika Zirabangamiye Irwanywa rya COVID-19


Abana bateshejwe ingo zabo muri Burkiba Faso bariko basaba imfashanyo
Abana bateshejwe ingo zabo muri Burkiba Faso bariko basaba imfashanyo

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS risaba ko intambara muri Afrika zihagarara kugira amareta n’abajejwe amagara y’abantu bashire inguvu mu kurwanya ikwirakwira ry’umugera wa corona. Afrika imaze kuronka abantu barenga 600 000 bamaze kwandura COVID-19 n’14 000 umaze guhitana.

Ibihugu bitari bike ku mugabane wa Afrika nka Burkina Faso, Nigeria na Mali bihanganye n’intagondwa zishingiye kw’idini rya kiyisilamu, mu gihe ibindi nka Sudani y’ubumanuko biri mu ndyane zoshingiye ku moko.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi, HCR ivuga ko abantu barenga umuliyoni 1 n’ibihumbi 500 bateshejwe ingo zabo mu karere ka Sahel muri uyu mwaka. Naho mu karere ka Afrika yo musi ya Sahara, abashika imiliyoni 27 ni bo bamaze gukurwa muvyabo.

Muri iyi ndwi, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritegekanya gusaba ayandi mafaranga yo gufasha ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere bibangamiwe n’ikiza ca COVID-19.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG