Uko wahagera

Abashingamateka ba Uganda Barenga 1000 Bapimwe COVID-19


Abashingamateka ba Uganda mu ngoro y'abashingamateka i Kampala.

Igihugu ca Uganda kuri uyu wa kane catanguye gupima umugera wa corona ku bashingamateka 426 n’abakozi babo. Vyashikirijwe n’umuvugizi w’inama nshingamateka, Helen Kawesa kuri uyu wa kane.

Uganda imaze kuronka abantu 1 050 bamaze kwandura ariko nta n’umwe arahasiga ubuzima kuva mu kwezi kwa gatatu. Abashingamateka bavuze ko bahisemwo kwipimisha kuko bama mumanama n’abanyagihugu babatoye.

Haruhande y’abashingamateka, Uganda yarapimye abashoferi b’amakamyo bava mu bihugu bibanyi, abashika 1 500 basanga baranduye baca babuzwa kwinjira mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG