Uko wahagera

USA: Umuryango wa George Floyd Usaba Gushumbushwa


Umushingwamanza, Ben Crump aburanira umuryango wa George Floyd. Ariko atanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru i Minneapolis.
Umushingwamanza, Ben Crump aburanira umuryango wa George Floyd. Ariko atanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru i Minneapolis.

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, umuryango wa George Floyd kuri uyu wa gatatu witwariye igisagara ca Minneapolis, muri reta ya Minnesota, usaba gushumbushwa ku rupfu rw’uwabo yiciwe mu minwe y’abaporisi bane mu kwezi kwa gatanu.

Floyd, umunyamerika w’umwirabure, yishwe kw’itariki ya 25 z’ukwezi kwa gatanu, inyuma y’aho umuporisi w’umuzungu, Derek Chauvin, amupfukamiye kw’izosi, ikiringo c’iminota umunani yicwa no kubura impwemu.

Igitigiri c’amafaranga uwo muryango wa Floyd usaba igisagara ca Minneapolis nticashikirijwe, ariko, Ben Crump, umushingwamanza awuburanira yavuze ko indishi basaba ari nyinshi ku buryo bizobera icigwa abandi baporisi barangwa n'amacakubiri cane cane ku birabure.

Mu minsi n’indwi zakurikiye urupfu rwiwe abanyamerika batari bake barihereje amabarabara biyamiriza ubwicanyi bukorwa n’abaporisi ku birabure.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG