Uko wahagera

Netanyahu Asabwa Gutanga Imihoho Kuko Yananiwe Kurwanya Corona


Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu.
Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu.

Ibihumbi vy’abanyagihugu muri Isirayeli bakoze imyiyerekano kuri uyu wa kabiri ahakorera umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu i Jerusalemu. Bamusaba gutanga imihoho kuko reta yiwe yananiwe guhagarika ikwirakwira ry’umugera wa corona.

Isirayeli yari yarashimwe ku kuntu mu ntango yarwanije uwo mugera, ariko mu nyuma reta yaraneguwe kuva aho yorohereje ingingo zari zarafashwe zo kurwanya ikwirakwira ryawo, abandi bantu bashasha batari bake bongera kwandura.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu yatangaje ko abantu bashasha barenga 1 400 banduye corona mu masaha 24 aheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG