Uko wahagera

USA-COVID-19: Kwirukana Abanyeshure Mvamahanga Vyahagaritswe


Kaminuza Harvard University
Kaminuza Harvard University

Reta ya Trump yahagaritse ingingo yo gusaba abanyeshure b’abanyamahanga gutaha mu bihugu vyabo mu gihe ivyigwa vyobandanya bitangwa mu buhinga bwa interineti batinjiye mu masomero kubera ikiza ca corona.

Iyo ngingo yo kwisubirako yatangajwe kuri uyu wa kabiri igihe hariko harumvirizwa mu butungane mu gisagara ca Boston ibirego vyatanzwe na kaminuza zikomeye cane za Harvard University na Massachusetts Institute of Technology.

Iri tangazo rije gutuma abanyeshure b’abanyamahanga baharurwa mu bihumbi hamwe n’amakaminuza aharurwa mu majana bigamwo basubiza umutima hamwe kuko batacirukanwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG