Uko wahagera

Kenya: Abakozi Barenga 40 bo mu Bitaro i Nairobi Baranduye COVID-19


Ibitaro vyakira abakenyezi bibaruka vya Pumwani, ku murwa mukuru Nairobi
Ibitaro vyakira abakenyezi bibaruka vya Pumwani, ku murwa mukuru Nairobi

Umushikiranganji wa Kenya ajejwe amagara y’abantu yavuze kuri uyu wa kabiri ko abakozi bashika 41 bo mu bitaro binini vy’ico gihugu vyakira abakenyezi bibaruka banduye umugera wa corona. Ibi bitangajwe mu gihe abakora mu gisata c’ubuvuzi muri Kenya babandanya basaba ibikoresho bibafasha kwikingira uwo mugera.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buvuga ko bwapimye abakozi bose b’ivyo bitaro vy’i Pumwani, ku murwa mukuru Nairobi, ahavukira abana barenga 100 buri munsi.

Ku munsi wa mbere, Kenya yarapfuvye umudogiteri wa mbere yahitanwe na COVID-19.

Kuva ico kiza gitera muri Kenya mu kwezi kwa gatatu, abadogiteri n’abaforoma bamye bagabisha ko bashobora guhagarika akazi, bavuga ko reta itariko irabitaho mu kubakingira mu kazi kabo ko guhangana n’iki kiza.

Kaminuza Johns Hopkins yo muri Reta zunze ubumwe z’Amerika itangaza ko Kenya imaze kuronka abantu barenga 10 700 banduye hamwe n’abashika hafi 200 bamaze gupfa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG