Uko wahagera

OMS Igabisha ko Ibintu Bitariko Birasubira Uko Vyari Nka Kera Vuba


Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, ryagabishije kuri uyu wa mbere ko ibihugu vyinshi vyafashe minenerwe vyongera bifata n’inzira itari yo mu kurwanya ikiza ca COVID-19. OMS igabisha ko ibintu bitariko birasubira uko vyari kera mu gihe ca hafi.

Inyuma y’aho hagaragariye ko abantu 230 000 bashasha banduye ku munsi w’Imana, OMS yavuze ko ibintu bigiye kuyangara kiretse abantu bisubiyeko bakirinda kwegerana, badakaraba intoke, bakambara udupfukamunwa no kuguma mu ngo zabo igihe banduye.

Umuyobozi mukuru wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yavuze ko ibihugu bimwe bimwe vyoroheje ingingo zo kurwanya ikwirakwira ry’uyo mugera hataragera, bituma abandura bongera kwiyongera.

Umugera wa corona umaze kwica hafi abantu 570 000 hamwe n’abarenga imiliyoni 12 n’ibihumbi 900 bamaze kuwandura kuva ugitangura kwigaragaza mu Bushinwa mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG