Igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika cafatiye ibihano abategetsi b’Ubushinwa, bahorwa kuba barakoze ivyaha bihungabanya agateka ka mungu ku bwoko bw’inkehwa z’abayisilamu bo mu bwoko bw’aba-Uighur.
Abafatiwe ivyo bihano barimwo Chen Quanguo, umunyamabanga w’umugambwe w’abakomunisita mu ntara ya Xinjiang hamwe n’abagize ibiro vy’umutekano muri iyo ntara nyene. Ni ibihano bifashwe mu gihe Amerika n’Ubushinwa bitarabana ryiza kuva aho Ubushinwa bwagirijwe ko bwavyitwayemwo nabi mu gihe ikiza ca COVID-19 cagaragara. Ni mu gihe kandi Ubushinwa bunebagurwa ku ngingo z’agahotoro bufata kuri Hong Kong.
Ambasade y’Ubushinwa i Washington yahisemwo kutagira ico ishikirije kuri izo ngingo. Ariko muri kahise, Ubushinwa bwamye buhakana kugira uruhara mu guturubika ubwo bwoko bw’inkehwa. Ivyo bihano bifata ubutunzi abo bategetsi bafitiye muri Amerika kandi bibuza abanyamerika gukorana urudandazwa n’abo bategetsi.
Facebook Forum