Uko wahagera

Abasaba Ubuhungiro muri Canada Barenga 34 000 Baburiwe Irengero


Umurwi w'abasa ubuhungiro bajanwe mu nkambi ku rubibe rwa Canada i Quebec.
Umurwi w'abasa ubuhungiro bajanwe mu nkambi ku rubibe rwa Canada i Quebec.

Ikigo ca reta kijejwe imbibe muri Canada gishikiriza ko cabuze irengero ry’abanyamahanga barenga 34 000 bari ku rutonde rw’abatahukanwa mu bihugu vyabo. Abo bantu bagizwe ahanini n’abasavye ubuhungiro bwo kuba muri ico gihugu mu nyuma barabwimwa. Ico kigo cabishikirije inama nshingamateka ya Canada kuri uyu wa gatatu.

Canada kandi ishikiriza ko yari yarabaye irabangira gutahukana abimwe ubuhungiro bava mu bihugu 15, birimwo Afuganistani, Repubulika ya demokarasi ya Kongo, Haiti na Iraki.

Canada yarakiriye ibitigiri binini vy’abasaba ubuhungiro mu myaka iheze, ibitigiri vyavuye ku bantu 50 000 mu mwaka w’2017 bishika ku 64 000 muri 2019.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG