Uko wahagera

USA Yashikanye Imiliyoni 3 z'Abanduye COVID-19


Abakora ibipimo vya Covid-19 mu gisagara ca Phoenix muri reta ya Arizona.

Abamaze kwandura umugera wa corona muri Reta zunze ubumwe z’Amerika bashitse ku miliyoni zitatu kuri uyu wa gatatu. Iki gitigiri gishitse mu gihe kuri uyu wa kabiri Perezida Donald Trump yatanguje intambwe za mbere zo gukura Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu, OMS.

Amerika iza ubwa mbere mu bihugu bifise abanduye benshi kandi abarenga 131 000 ico kiza kiramaze kubahitana.

Perezida Trump, kuri uyu wa gatatu yahamagariye abanyeshure kuzosubira mu masomero inyuma y’uburuhuko bwo muci, mu gihe amareta yo mu bumanuko bw’igihugu akibangamiwe bikomeye na COVID-19 muri iki gihe.

COVID-19 umaze kwandukira abantu bashika imiliyoni 12 kw’isi nzima hamwe n’abarenga ibihumbi 500 umaze guhitana kuva utangura kugaragara mu Bushinwa mu mpera z’umwaka uheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG