Uko wahagera

OMS: Umugera wa COVID-19 Woba Ushobora Kwandukira mu Kirere


Abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, bashikirije kuri uyu wa kabiri ko hari ivyemeza birushiriza kugaragara ko umugera wa corona ushobora gukwirakwira biciye mu muyaga.

Umukuru w’abo bahinga ba OMS barenga 200, Dr. Maria Van Kerkhove yashikirije ko bamaze gusaba iryo shirahamwe hamwe n’abandi kugira bemeze ko uwo mugera ushobora kuba mu kirere no kwandukira kurusha uko biri muri iki gihe.

Abategetsi ba OMS basaba ko ingingo zo kwikingira zikomezwa, cane cane kwambara udupfukamunwa no guhana inta cane cane mumakoraniro y’ahantu hugaye.

Umuyobozi mukuru wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus yashikirije ko ico kiza kirushiriza kwiyongera kandi kitarashika ku rugero rwa nyuma. Yamenyesheje ko mu mezi atatu abantu 400 000 bari bamaze kwandura kw’isi, ariko ko mu mpera z’indwi iheze abarenga abo bari kwandura kw’isi hose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG