Uko wahagera

ONU Itewe Impungene n'Abagendana Sida mu Gihe ca COVID-19


Abagendana umugera wa Sida muri Zambia

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rishikiriza ko ihangiro ryari ryarihaye ryo kurwanya ikiza c’umugera wa Sida mu 2020 ritazoshoboka kubera ikiza ca Corona caciye gitera isi.

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu, OMS ryagabishije kuri uyu wa mbere ko ibihugu 73 bishobora kubura imiti yo gupfupfahaza Sida bitewe n’ikiza ca corona.

COVID-19 ituma abagendena umugera wa Sida badashobora gushika aho batorera imiti. ONU imenyesha ko mu gihe hohera amezi atandatu abantu bataronse imiti yo gupfupfahaza Sida, abantu bashika igice c’umuliyoni bo mu gice ca Afurika yo munsi ya Sahara bashobora kuhasiga ubuzima mu mwaka uza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG