Uko wahagera

USA: Ikiza ca COVID-19 Ciyongereye mu Bumanuko


Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, abategetsi bo mu mareta yo mu bumanuko bw’igihugu bashikirije ko batewe impungenge n’iyongerekana ry’abanduye umugera wa corona muri iyi minsi.

Amerika imaze kuronka abantu bashasha barenga 50 000 banduye muri iyi minsi, benshi mu bisagara vyo mareta yo mu bumanuko. Ayo mareta yari yarikinze ico kiza igihe mu buraruko bw’igihugu, cane cane mu gisagara ca New York uwo mugera wariko urasasika inganda.

Muri rusangi abanyamerika hafi 130 000 baramaze kwicwa na Covid-19 ku barenga imiliyoni 2 n’ibihumbi amajana umunani bamaze kuwandura.

Perezida Donald Trump, asanzwe ahanganye muri politike na Joe Biden mu matora yimirije mu kwezi kwa cumi na kumwe, ntahengeshanya gushikiriza ko urucanco rw’uwo mugera rugiye kuzoboneka imbere yuko uyu mwaka urangira.

Ikigo c’igihugu kijejwe kugenzura imiti n’ibifungurwa, FDA, cabwiye televiziyo ABC yo muri Amerika ko kiriko kiragenzura amavuriro 141 ariko arageragerezwamwo urwo rucanco. Ariko kivuga ko kidashobora kwemeza ryari urwo rucanco ruzotangura guhabwa abanyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG