Uko wahagera

Afrika y'Epfo, Abasirikare Barafasha Kurwanya COVID-19


Abasirikare b’abaganga 47 bo muri Afrika y’Epfo barungitswe kuri uyu w’Imana gufasha kurwanya ikiza ca covid-19 mu ntara ya East Cape iri mu bumanuko bw’igihugu. Iyo ntara iza ubwa gatatu muzibangamiwe n’ico kiza kandi abandura barushiriza kwiyongera.

Barungitswe haheze umunsi umwe Afurika y’epfo ironse abantu bashasha banduye barenga 10 800, bashikanye igitigiri c’abarenga ibihumbi 180 bamaze kwandura mu gihugu cose.

Intara ya East Cape iheruka kwakira abaganga barenga 200 bavuye muri Cuba, bashitse muri Afurika yepfo mu kwezi guheze gufasha gukurikirana abanduye uwo mugera.

Iyo ntara ni imwe muzibangamiwe cane inyuma y'intara ya Gauteng, irimwo igisagara ca Johannesburg, kiza ubwa mbere mu bunini, hamwe n’umurwa mukuru Pretoria.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG