Uko wahagera

Abasivile 27 Bishwe mu Ntara ya Mopti muri Mali


Abantu bo mu bwoko bwa Dogon

Abo basivile 27 bo mu bwoko bw’aba Dogon bishwe n’abantu bitwaje ibirwanisho bari ku mapikipiki batamenyekanye.

Ico gitero cakozwe mu mihana ya Gouari, Djindo na Fangadougou mu ntara ya Mopti. Iyo ntara yarageramiwe n’ubwicanyi bufatiye ku bwoko hamwe n’ibitero vy’intagondwa z’abayislamu mu kiringo c’imyaka irangiye.

Abategetsi bo muri ako karere bavuga ko ivyo bitero vyakozwe n’intagondwa z’abayislamu, kenshi zivuga ko ziriko zifasha aborozi bo mu bwoko bw’aba Fulani kwivuna abarimyi bo mu bwoko bw’aba Dogon badacana uwaka.

Abakoze igitero co ku musi wa gatatu bishe abantu 15 mu mihana ya Gouari, 11 mu mihana ya Djindo n’umuntu umwe mu mihana yo hafi yaho ya Fangadougou.

Nta murwi numwe uriyitirira ivyo bitero, vyabereye mu karere kari hafi y’ibilometero 30 umuntu avuye ku rubibe n’igihugu ca Burkina Faso.

Igisirikare ca Mali caranebaguwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu n’ababa mu bice ibitero biberamwo ko cananiwe gukingira abasivile mu bice vyo hagati mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG