Reta ya Bostwana yatangaje uno musi ku wa kane ko igitigiri c’inzovu zatowe zapfuye mu karere ka Okavango Panhandle zashitse ku 275 zivuye kw’i 154 zatangajwe haheze indwi zibiri.
Abategetsi bariko baratohoza urupfu rudasobanutse rw’inzovu mu gihugu mu kiringo c’amezi makeyi arangiye. Ntibibaza ko ari igikorwa c’inkozi z’ikibi zihiga inyamaswa amau buryo butemewe n’amategeko kubera kubera izo nvozu zatowe zifise ibice vyose vy’umubiri.
Mu ntango z’ukwezi kwa gatanu, ishirahamwe rijejwe gukingira inzovu, “Elephants without Borders”, EWB, mu mpfunyapfunyo, ryamenyesheje ko itohoza ryagize rikoresheje indege ryerekanye ibisa nuko inzovu z’imyaka itandukanye ziriko zirapfa. Izikiriho nazo zikaba zisa n’izifise amagara make kandi zarazingamye bikomeye, zicumbagira, canke zisa n’izitazi iyo zija.
Ishirahamwe EWB risaba ko hafatwa ingingo yihuta kugira bimenyekane niba izo nzovu zoba zishwe n’indwara canke zahawe isumu.
Ibitigiri vy’inzovu muri Afrika biriko biragabanuka kubera kuzihiga mu buryo butemewe n’amategeko. Yamara zariyongeye mu gihugu ca Botswana gifise hafi y’ica gatatu c’izo nyamaswa ziri ku butaka bwa Afrika. Zavuye ku 80000 zigera ku 130000 mu mpera z’imyaka yo mu za mirongo icenda.
Facebook Forum