Uko wahagera

Kamarampaka y'Uburusiya Yarekuriye Putin Kwitoza muri 2024


Vladimir Putin ari mu nama na Recep Ergodan wa Turukiya muri video-conference.
Vladimir Putin ari mu nama na Recep Ergodan wa Turukiya muri video-conference.

Abategetsi b'Uburusiya barahayagiza intsinzi mu matora agenwe kwongereza ikiringo ca Prezida Vladimir Putin ku butegetsi.

Mu gihe amajwi yose yamaze guharurwa, urwego rujejwe amatora mu Burusiya rwatangaje ko 77.92 kw’ijana vy’abatoye bashigikiye ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro. Ibitigiri vy’abitavye amatora ni 67.97 kw’ijana.

Umuvugizi wa Prezida Putin, Dmitry Peskov, yabwiye abamenyeshamakuru ko referamdumu kw’ibwirizwa shingiro yerekanye ko abanyagihugu bafitiye icizere Prezida Putin.

Iyo ntsinzi ya Prezida Putin izomurekurira kwitoza mu mabanga y’umukuru w’igihugu izindi ncuro ziri inyuma y’ikiringo ciwe co muri iki gihe c’imyaka itandatu kizorangira mu mwaka w’i 2024.

Irindi hinyanyurwa mw’ibwirizwa shingiro rigenewe gukomeza ububasha bw’umukuru w’igihugu n’inama nshimgamateka.

Umuvugizi wa Prezida Putin, Dmitry Peskov, avuga ko ivyo bizoba inkingi ya kazoza keza ku gihugu.

Ku basesenguzi batari bake, ivyavuye muri referandumu kw’ibwirizwa shingiro rishasha ntivyatangaje kubera amakopi yaryo yaza yagurishijwe imbere yuko iyo referandumu iba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG