Uko wahagera

Cuba Yohereje Abaganga ba Covid-19 muri Guinee-Bissau


Umurwi w’abakozi bajejwe amagara y’abantu bagizwe n’abaganga 11 n’abaforomo 10 baritezwe muri Guinee-Bissau aho Cuba yafashije kurwanya ikiza ca Ebola hagati y’umwaka w’i 2014 n’umwaka w’i 2016.

Abategetsis ba Guinee-Bissau batangaje uno musi ko bakiye abaganga n’abaforormo bavuye muri Cuba basanzeyo abandi baza basanzwe bakorera muri ico gihugu mu ntumbero y’ukwongereza invugu mu rugamba rw’ukurwanya ikiza c’umugera wa Corona.

Irungikwa ry’abo bakozi bajejwe amagara y’abantu biri mu mugambi w’igihugu ca Cuba w’ukurwanya ikiza c’umugera wa Corona muri Guinee-Bissau aho abanyagihugu barenga 1,600 bemejwe ko bafise uwo mugera. Abo umaze guhitana bararenga 22.

Abategetsi ba Guinee-Bissau bavuga ko Cuba yabafashije mu rugamba rw’ukwikukira, kandi ko ibandanya kubafasha gushika ubu.

Kuva ikiza c’umugera wa Corona caduka, abaganga n’abaforomo 3,000 bararungitswe mu bihugu 28 vyo muri Amerika y’epfo na Amerika yo hagati, mu karere ka Karayibe, i Bulaya, Afrika no mu buseruko bwo hagati y’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG