Uko wahagera

OMS Irasaba Imiliyalidi 30 z'Amadolari yo Kurwanya Covid-19


Kwita ku barwayi ba covid-19 bisaba amafranga menshi
Kwita ku barwayi ba covid-19 bisaba amafranga menshi

Ishami rya ONU ryita ku magara y'abantu kw'isi, OMS, ritangaza ko amafranga arenga imiliyaridi 30 y'amadolari akenewe ku bikoresho, imiti n'incandago ku kiza c'umugera wa Corona.

Ishirahamwe OMS ryamenyesheje uno musi ku wa gatanu ko utwigoro tw’amakungu tw’ukunyarutsa gutunganya ibikoresho vy’ugupima Covid-19, incandago hamwe n’imiti bizosaba ayo mafranga mu mwaka uza.

Iryo shirahamwe ritangaza ko gushika ubu imiliyaridi zitatu n’imiliyoni amajana ane ari yo amaze kuboneka ku yamewe gutangwa.

Iryo shirahamwe ritangaza ko nyindi miliyaridi 27 n’imiliyoni amajana icenda y’amadolari akenewe mu mezi cumi n’abiri yimirije, harimwo imiliyaridi 14 y’amadolari ku bikenewe vyihutirwa.

Ivyatangajwe n’ishirahamwe OMS bije imbere y’ikoraniro rikomeye rijejwe gutanga imfashanyo ritegekanijwe kubera i Bruxelles mu gihugu c’Ububiligi ku musi wa gatandatu.

Ivyo bitangajwe mu gihe abantu bagera ku bihumbi 490 bamaze guhitanwa n’ikiza c’umugera wa Corona kw’isi, naho abarenga imiliyoni 9 n’ibihumbi amajana atandatu bamaze kuwandura..

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG