Kuri uyu wa kabiri, umugwi CENI wakoranirije abamenyeshamakuru mu kiganiro co kubabwira ko amatora atarahera n’ubwo ay’umukuru w’igihugu, ay’abashingamateka n’abajenama b’amakomine yabaye kuwa 20 ukwezi kwa gatanu guheze.
Pierre Claver Kizihise, umukuru wa CENI yamenyesheje ko mu y’abakenguzamateka azoba kuwa 20 ukwezi k’umunani imigambwe itanu ariyo imaze gutanga intonde n’amadosiye hamwe n’abigenga babiri mugabo ko umwe muri bo atakiriwe.
Aya matora y’abakenguzamateka arafise ico atandukaniyeko n’ayandi. Azitabwa n’abajenama b’amakomine batowe mu kwezi kwa gatanu kandi azobera ku migwa mikuru y’intara. Kazihise yahamagariye abakeneye kuja kuyagenzura kutarenza igenekerezo rya 30 kuno kwezi kugira babe babimenyesheje.
Kw’itariki ya 24 uko kwezi k’umunani nyene hazoca haba amatora y’abahanuzi bo ku mitumba n’ama karitiye. Umugwi CENI usigura kandi ko wakoze ibishoboka vyose kugira abazokwitoza n’abatora boroherwe.
Umukuru w’umugwi CENI ahamagarira abazorungika indorerezi mu matora yimirije kuzokwihutira kuwurungikira ivyegeranyo vyerekana ukuntu azoba yagenze.
Facebook Forum