Uko wahagera

Kenya Yatowe mu Kanama ka ONU Kajejwe Amahoro n'Umutekano


Mu Kanama ka ONU Kajejwe amahoro n'Umutekano
Mu Kanama ka ONU Kajejwe amahoro n'Umutekano

Igihugu ca Kenya catowe kuri uyu wa kane gusasa mu kanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano mu mwaka wa 2021 gushika muri 2022. Iyi ntebe ya Afurika Kenya yariko irayirwanira n’igihugu ca Djibouti.

Kenya igiye kuzosubirira Afrika y’Epfo yari muri ico kibanza. Kenya kandi yari ishigikiwe n’umuryango w’ubumwe bwa Afurika, mu gihe Djibouti yidoze ivuga ko ari yo yari ishikiriwe hakurikijwe ingene ibihugu bibisikanya. Kenya imaze kuronka akaryo katari gake ko gusasa muri ako kanama.

Ku munsi wa gatatu, ako kanama karatoye ibindi bihugu bine bishasha bizosasa muri ako kanama 2021 na 2022. Ivyo bihugu ni Ubuhindi, Mexique, Norvege na Irelande.

Inama ya ONU ijejwe umutekano igizwe n’ibihugu 15, 10 atari ntayegahezwa na bitanu bikomeye bitigera bisubirizwa kandi bifise igihagararo gikomeye. Na vyo ni Ubwongereza, Ubushinwa, Ubufaransa, Uburusiya hamwe na Reta zunze ubumwe za Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG