Uko wahagera

Abantu 13 Barishwe n'Imyuzurira y'Imvura i Abidjan


Abantu bashengereye imodoka yatwawe n'imvura i Abidjan, Cote d'Ivuware.

Abantu 13 barapfuye abandi batari bake baraburirwa irengero, inyuma y’imvura nyinshi yaguye kuri uyu wa kane, ibomora imisozi, amazu hamwe n’amabarabara y’indarayi mu micungararo ya Abidjan, umurwa mukuru wa Cote d’Ivuware.

Ugusenyuka kw’imisozi kuramenyerewe i Abidjan, mu bihe vy’imvura. Abategetsi bavuga ko abantu bashika kw’icumi batwawe mu bitaro, abandi baracaronderwa mu bibomoke vy’amazu n’ivyondo.

Abantu cumi n’umunani barapfuye i Abidjan mu gihe nk’iki c’imyuzure y'imvura mu kwezi kwa gatandatu k'umwaka wa 2018.

Igisagara Abidjan kibamwo imiliyoni zitanu z’abantu, aho benshi baba mu mazu adashemeye kandi mu bice bibangamirwa cane n’imyuzurira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG