Uko wahagera

ONU Isaba Amatohoza Yigenga ku Rupfu rwa Georges Floyd


Akanama ka ONU kajejwe agateka ka muntu gasaba amatohoza yigenga ku rupfu rwa George Floyd, umunyamerika y’umwirabure aheruka gupfira mu minwe y’igiporisi. Ni mu nama yahuje abakagize kuri uyu wa gatatu i Geneve mu Busuwisi, aho kasanze kandi amacakubiri ashingiye ku rukoba agaragara mu bice bitari bike kw’isi.

Umuvukanyi wa Floyd yari yatumiwe muri iyo nama. Yayitavye ari mu gisagara ca Houston muri Amerika hakoreshejwe ubuhinga bwa Videwo. Yasavye ako kanama gufasha kugira ubutungane bukore ku muvukanyi wiwe no ku birabure bo muri Reta zunze ubumwe za Amerika muri rusangi.

Imbere y’uko iyo nama itangura, ambasaderi wa Amerika muri ONU i Geneve, Andrew Bremberg, yashikirije ko Amerika yiyemeje guhagurukira ikibazo c’amacakubiri y’urukoba, hamwe n’akarenganyo kayakomokako.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG