Perezida Donald Trump yarasavye perezida w’Ubushinwa, Xi Jinping kumufasha ngo aze yongere atorwe mu matora yo mu 2020. Ibi vyavuzwe n’uwahoze ari umufasha wiwe, John Bolton, mu gitabo gishasha yanditse. Vyagaragaye mu nyandiko zimwe z’ico gitabo zashizwe ahabona kuri uyu wa gatatu n’ibinyamakuru vyandikira muri Amerika, The Washington Post, The New York Times na The Wall Street Journal.
John Bolton yanditse avuga ko mu nama yahuje abo bategetsi babiri mu kwezi kwa gatandatu kw’umwaka uheze, Trump yabwiye Xi Jinping ko yihweje igihagararo Ubushinwa bufise ku butunzi kw’isi, ata nkeka bushobora kugira ico bukoze akongera gutorwa. Trump yashimikiye ko Ubushinwa buguze isoya nyinshi hamwe n’ingano za Amerika bishobora kumugirira ingaruka nziza muri politike agatsinda matora.
John Bolton yabaye umuhanuzi mu vy’umutekano muri perezidanse y’Amerika mu kiringo c’amezi 17, imbere yo gutanga imihoho mu kwezi kw’icenda umwaka uheze. Bolton, avuga ko ababajwe n’uko ivyo Trump yavuze abanyagihugu batavyisomera bitewe n’uko reta yabujije ko igitabo ciwe gisohoka imbere yo gusuzuma ibirimwo.
Facebook Forum