Uko wahagera

RDC: Vital Kamerhe Azofungwa Imyaka 20


Vital Kamerhe na bosambisami na ye boloko ya Makala,Kinshasa, 11 mai 2020.
Vital Kamerhe na bosambisami na ye boloko ya Makala,Kinshasa, 11 mai 2020.

Abashikirizamanza muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo bashikirije kuri uyu wa kane ko bategekanya gucira imyaka 20 y’igifungo, Vital Kamerhe, yagirizwa kunyuruza amafaranga arenga imiliyoni 50 z’amadolari.

Ubutungane busaba kandi ko Kamerhe, umuhanuzi mukuru mu biro vya perezida, atosubizwa mu mwanya w’ubutegetsi mu kiringo c’imyaka 10, kandi amatungo y’umugore wiwe n’abo muryango wiwe afatwa.

Kamerhe, afunzwe kuva kw’itariki ya 18 y’ukwezi kwa kane, hamwe n’abandi babiri bagirizwa gukoresha nabi amafaranga ya reta igihe bariko barubaka inzu 1 500 z’abasirikare.

Imyaka 20 y’ifigungo yakatiwe kandi umunyalibani, Jammal Samih bavuga ko bafadikanije muri ubwo busuma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG