Uko wahagera

CPI Isaba Abagize Uruhara mu Bwicanyi muri Sudani Kwishikana


Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yasavye kuri uyu wa gatatu ko abagirizwa ivyaha vyo mu ntambara yabereye muri Sudani kwishikana. Ni inyuma y’umunsi umwe Ali Kushayb yishikanye kuri iyo sentare ifise icicaro i La Haye.

Umukuru w’iyo sentare, Fatou Bensouda, yabishikirije inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano. Yavuze ko Kushayb yagirizwa ivyaha bihohotera ikiremwa muntu yatwawe muri iyo sentare inyuma yo kwishikana muri Republika ya Centrafrika.

Bensouda yashimiye Cadi, Ubufaransa, Ubuholande hamwe n’umurwi wa ONU muri Centrafrika ariko nta kindi yavuze kw’ihagarikwa rya Kushayb.

Uwo Ali Kushayb yaronderwa na CPI kuva mu mwaka wa 2007 ku ruhara yagize mu bwicanyi arongoye umuhari witwaje ibirwanisho w’aba Janjaweed.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG