Uko wahagera

RDC: Abantu 18 Barapfuye Bazamye mu Kiyaga Albert


Ubwato bwunguruza impunzi z'abakongomani mu kiyaga Albert.

Abantu 18 barapfuye inyuma y’aho ubwato bubiri barimwo bwibiriye mu kiyaga mu ntara ya Ituri, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Republika ya demokarasi ya Kongo.

Abategetsi bashikirije kuri uyu wa kabiri ko ivyo vyabaye mw’ijoro ryo ku munsi w’Imana mu kiyaga Albert, gisangiwe na Kongo na Uganda.

Abapfuye ni abakongomani baba muri Uganda kandi bari mu rugendo rwo mw’ijoro bitemewe n’amategeko, igihe ubwato barimwo bwahura n’umuyaga mwinshi mu kiyaga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG