Uko wahagera

Ibiziga 20 vy'Abikumira Vyaratowe mu Mazi ya Tuniziya


Ibiziga 20 vy’abimukira bamuka muri Afrika yo mu karere ko munsi ya Sahara vyaratowe mu mazi yo ku nkengera za Tuniziya. Abategetsi bavuga ko hariko hararonderwa abandi 30 bavuga ko bari kumwe na bo.

Mourad Turki, avugira sentare yo mu gisagara ca Sfax, yavuze ko ivyo biziga vyabonwe n’abarovyi babona kubibwira abategetsi.

Abandi bimukira babwiye abategetsi ko abapfuye zari ingenzi zari mu bwato bwahagurutse mw’ijoro ryo ku munsi wa kane bwerekeza mu Butaliyano kandi bwarimwo abantu 53.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi, HCR, rishikiriza ko abimukira bava muri Tuniziya baja ku mugabane wa Bulaya biyongereye ku bice 150 kw’ijana kuva mu kwezi kwa mbere gushika mu kwa kane ugereranije n’iki gihe nyene c’umwaka uheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG