Uko wahagera

Imyiyerekano muri Kenya Yiyamiriza Ubwicanyi Bukorwa n'Igiporisi


Abanyagihugu baba mu mihana ibamwo abakene y’i Mathare ku murwa mukuru Nairobi wa Kenya kuri uyu wa mbere bihereje amabarabara biyamiriza inguvu zirenze zikoreshwa n’igiporisi mu guhangana n’abarenga ku mategeko ya COVID19.

Ikigo co muri Kenya cigenga kigenzura ibikorwa vy’igiporisi catangaje ko kiriko kiratohoza ku bantu 15 bishwe n’igiporisi kuva mu mpera z’ukwezi kwa gatatu.

Nayo amashirahamwe aharanira agateka ka muntu avuga ko igiporisi cagirizwa urupfu rw’abantu barenga 20 bazize kurenga ku mategeko yo kudatembera mw’ijoro.

Iyo myiyerekano yo kuri uyu wa mbere yabaye mu gihe abategetsi bari bagabishije ko abakoranira hamwe bashobora gutabwa mu mvuto kuko bariko bakwirakwiza umugera wa COVID19.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG