Uko wahagera

Etiyopiya: Abiy Ahmed Ntarota Ashinga Reta Mfatakibanza


Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed yatangaje kuri uyu wa mbere ko atazoshinga reta mfatakibanza igihe ikiringo ciwe kizorangira mu ntango z’ukwezi kw’icumi.

Etiyopiya yategekanya gutunganya amatora mu kwezi kwa munani ariko umurwi ujejwe amatora washikirije mu kwezi kwa gatatu ko bitazoshoboka kubera ikiza c’umugera wa corona. Abatavuga rumwe nawe bamwagiriza kwikika inyuma y’ico kiza kugira atevye amatora, abone kuba aragumye ku butegetsi.

Abiy yashikirije kuri uyu wa mbere ko amatora azoteba amezi make, ariko umurwi ujejwe kuyategura wo washikirije reta ko ukeneye hafi amezi cumi yo kuyategura.

Radiyo y’igihugu yatangaje kuri uyu wa mbere ko umukuru wa sena ya Etiyopiya, Keria Ibrahim yatanze imihoho, avuga ko adashobora gukorana n’akagwi gahonyanga ibwirizwa shingiro kandi gashigikiye intwaro y’igikenye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG