Uko wahagera

Abishwe na Covid19 muri Afrika y'Epfo Barenze 1000


Abamaze guhitanwa n’umugera wa corona muri Afrika y’epfo barenze 1 000 kuri uyu wa mbere kandi abanduye barenze 50 000. Ni inyuma y’indwi abategetsi bafashe ingingo yo gutezurira abanyagihugu kugira basohoke.

Ku mugabane wa Afrika, Afrika y’epfo iza ubugira kabiri mu kubura abantu bahitanwe n’uwo mugera inyuma ya Misiri.

Ico gihugu casubije abanyeshure mu masomero kuri uyu wa mbere kandi n’ibikorwa bitari bike vy’ubudandaji vyarasubiye gutangura.

Perezida Cyril Ramaphosa yashikirije kuri uyu wa mbere ko abarenga ica kabiri mu banduye n’abapfa batohojwe mu ndwi zibiri ziheze.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS ryashikirije kuri uyu wa mbere ko ikiza ca corona kiriko kiriyongera kw’isi, naho Ubulayi busa n’uburiko buroroherwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG