Uko wahagera

Amakenga y'Abashingamateka b'Ubufaransa ku Matora yo mu Burundi


Abanyagihugu batonze umurongo kugira batore i Ngozi
Abanyagihugu batonze umurongo kugira batore i Ngozi

Abashingamateka batanu bo mu gihugu c’Ubufransa, Sonia Krimi, Mansour Kamadine, Frédérique Dumas, Delphine Bagarry na Michèle Victory bashize ahabona ikete ryuguririwe bose ku bijanye n’amatora aherutse kuba amu Burundi.

Bavuga ko mu kiringo c’imyaka itanu irangiye abarundi babayeho kuri imwe mu ntwaro zirangwa n’igitugu gikomeye cane mu kijana ca 21.

Abo bashingamateka bavuga ko imyiyerekano yakozwe isaba ko ibwirizwa shingiro n’amasezerano ya Arusha vyubahiriza yakandamijwe amaraso asesetse. Abarundi ibihumbi amajana n’amajana barahunze igihugu, mu gihe abandi ibihumbi n’ibihumbi bishwe canke batabwa mvuto. Abo bashingamateka bavuga ko iterabwoba ari ryo ryatse indaro mu gihugu, uruhagarara rwa politike rwagize ingaruka zikomeye ku butunzi n’imibano hamwe n’imigenderanire n’amakungu. Bamenyesha ko abarundi bahebwe n’amakungu, kuko asohora gusa amatangazo ku bijanye n’ibibera mu Burundi, ata ngingo ziboneka zifatwa.

Abo bashingamateka bavuga ko amatora aherutse kuba mu gihugu yabaye mu gihe carangwa n’ubwicanyi n’ikandamizwa ry’abatavuga rumwe na Reta. Ku bwabo, yabaye atubahirije ibintu na bikeyi mu bisabwa kugira habe amatora arangwa n’ubwigenge, umuco kandi yuzuriza bose.

Abo bashingamateka basigura ko kubera izo mvo bitatangaje ko ivyavuye mu matora vyahaye intsinzi umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Yamara bavuga ako ayo matora yaranzwe n’ibiharuro vy’irementanya vyari bigenewe kwumvisha abarundi ko umugambwe CNDD-FDD ari wo watsinze amatora.

Mu kurangiza bavuga ko bafise impungenge zikomeye z’ukobona ko ibimenyetso vyose biteye agahinda bidasa n'uko biteye amakenga amakungu kugira afate ingingo zigenewe gukingira abarundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG