Uko wahagera

Bresil Iza Ubwa 4 kw'isi ku Bamaze Guhitanwa na Covid-19


Prezida wa Bresil, Jair Bolsonaro ariko aramutsa abamushigikiye

Igihugu ca Bresil kiza mu kibanza ca kane muri iki gihe mu bihugu bifise ibitigiri vyinshi cane vy’abantu bamaze guhitanwa n’ikiza c’umugera wa Corona.

Abantu 28.834 bamaze guhitanwa n’ico kiza. Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza n’Ubutaliyano nivyo bihugu bifise ibigiri vy’abamaze gupfa birengeye aho.

Prezida wa Bresil, Jair Boslonaro yagumye afata minenegwe ikiza c’umugera wa Corona, naho ico gihugu kiza ubwa kabiri kw’isi mu bihugu bifise abantu benshi banduye umugera wa Corona. Bresil ifise muri iki gihe abantu 498.440 bafise umugera wa Corona.

Amerika niyo yonyene iza imbere ya Bresil ku bijanye n’ibitigri vy’abantu benshi banduye. Ifise abantu barenga umuliyoni bafise umugera wa Corona.

Abahinga bagabishije ko ibitigiri nyakuri bishobora kuba biri hejuru cane kubera abantu benshi batapimwe.

Prezida wa Bresil, Jair Bolsonaro ntasa n’uwuzohindura aho ahagaze. Avuga ko ingaruka ku butunzi z’ukuziririza abantu kuva mu ngo zabo ziruta ingaruka z’ikiza c’umugera wa Corona.

Abahinga batari bake bavuga ko ibihugu vyo muri Amerika yo hagati na Amerika y’epfo arivyo bisinzikajwe cane kurusha ibindi n’ikiza c’umugera wa Corona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG