Laurent Gbagbo yahoze ari perezida wa Cote d’Ivuware yarekuriwe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI kugira ingendo.
Bubaye ubwa mbere inyuma y’amezi yari aheze yejejwe ku vyaha vyo guhohotera ikiremwa muntu, yemererwa ko ashobora kwidegemvya mu gufata ingendo, ivyaha vy’inyuma y’amatora muri “Cote d’ivoire”, aho abantu ibihumbi bitatu bahasize ubuzima.
Sentare mpanavyaha, CPI, ifise icicaro i La Haye mu Buholande yemereye Gbagbo kuva mu Bubiligi bwari bwemeye kuba buramubitse inyuma y’aho akuriwe mu munyororo.
Ntibiramenyekana ko Gbagbo ategekanya gusubira mu gihugu ciwe c’amavuko Cote d’ivoire, kiriko kija mu matora y’umukuru w’igihugu mu kwezi kw’icumi uyu mwaka. Umuvugizi wa CPI asaba ko igihugu cose Gbagbo yoshima kujamwo, kumwemerera. Gbagbo n’icegera ciwe barahakanye ko bagize uruhara mu bwicanyi bwakurikiye impari ku matora yabaye mu gihugu ciwe mu 2010.
Laurent Gbagbo ni we mukuru w’igihugu wa mbere gushika ubu amaze kurengutswa akaburanishwa n’iyo sentare. We n’uwahoze ari icegera ciwe, Charles Ble Goude, bejejwe ku vyaha vyo guhohotera ikiremwa muntu mu ntango z’umwaka wa 2019, amaze imyaka umunani yarahagaritswe.
Facebook Forum