Uko wahagera

Abimukira 30 Bishwe muri Libiya


Abimukira bariko baratabarwa mw'ibahari Mediterane
Abimukira bariko baratabarwa mw'ibahari Mediterane

Umuryango w’umwe mu nkozi z’ikibi zicuruza abimukira yishwe muri Libiya barateye abimukira mu gisagara ca Mizdah, wica abimukira 26 b’abanyabangladeshi n’abanyafrika 4 . Iyo nkuru yatangajwe na Reta y’i Tripoli ku musi wa kane.

Ishirahamwe mpuzamamungu ryitaho abimukira, rimenyesha kao abo bantu bishwe barashwe ku musi wa gatatu mu kigangara abimukira bugaranirirwamwo mu gisagara ca Mizdah.

Iyicwa ry’abo ryerekana ibibazo bacamwo muri Libiya, aho uruhagarara, ubwicanyi n’akajagari vyatumye imirwi y’inkozi z’ikibi zigira ubucuruzi bw’abantu ihakorera ata kibazo.

Reta y’i Tripoli ivuga ko bari bishe umwe mu babacuruza mu gisagara ca Mizdah hafi y’umurwa mukuru, Tripoli. Ivyo bibonwako vyatumye umuryango wiwe wihora wica 30. Abandi 11 barakomeretse muri ubwo bwicanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG