Uko wahagera

COVID-19 Yahitanye Abaforomo Benshi muri Bresil Kurusha Ahandi


Abaforomo bari mu myiyerekano muri Bresil
Abaforomo bari mu myiyerekano muri Bresil

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’abaforomo rivuga ko nta biharuro vy’ukuri iryo rifise ku birebana na Bresil. Yamara ryamenyesheje ko rizoshikiriza ibiharuro bishasha ku kugene ibintu vyifashe kw’isi mu ntango z’indwi iza.

Ishirahamwe ry’abaforomo muri Bresil ritangaza ko abaforomo 157 bamaze guhitanwa n’ikiza c’umugera wa Corona gushika ubu.

Iryo shirahamwe rimenyesha ko ibitigiri vy’abaforoma bapfa bizobandanya kwiyongera. Ryagabishije ko bizova ku bintu bitari bike, harimwo kuronka ibikoresho vy’ukwikingira.

Igihugu ca Bresil gitangaza ko abantu bagera ku 411000 bamaze kwandura umugera wa Corona mu gihe 25.000 bamaze guhitanwa n’uwo mugera gushika ubu. Bresil ni co gihugu gisinzikajwe bikomeye cane n’ikiza c’umugera wa Corona kurusha ibindi bihugu vyo muri Amerika y’epfo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG