Uko wahagera

Apple Music” Izotangura Programa y'Umuziki kuri Radio muri Afrika.


Cupp avuza imiziki mu biteramo akongera agafasha abacuraranzi gutunganya indirimbo akomoka muri Nijeriya
Cupp avuza imiziki mu biteramo akongera agafasha abacuraranzi gutunganya indirimbo akomoka muri Nijeriya

Uwo muhora ukina imiziki watangaje ku musi wa kane ko iyo programa y’umuziki izotangura ku musi w’Imana. Iyo programa y’umuziki izoba igizwe n’indirimbo zigezweko n’indirimbo zikoresha ibikoresho vy’umuziki vya kera zikundwa n’abantu benshi mu karere ka Afrika. Hazoba harimwo ubwoko bw’umuziki bwa Afrobeat, rap, house, kuduro n’ubundi bwoko.

Cuppy, avuza imiziki mu biteramo akongera agafasha abacuraranzi gutunganya indirimbo yavukiye mu gihugu ca Nijeriya, niwe azoteramisha iyo programa y’umuziki y’isaha imwe izoba uko indwi itashe.

Cuppy vuga ko iyo programa izoserukira ututere dutandukanye twa Afrika kuva mu burengero gushika mu buseruko no mu buraruko gushika mu bumanuko.

Abacuraranzi b’umuziki bo muri Afrika barashoboye kumenyekana cane hanze y’akarere ka Afrika, cane cane muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Ubwongereza mu myaka ya vuba.

Abacuraranzi nka DJ Black Coffee wo muri Afrika y’epfo na Davido, Burna Boy, Tiwa Savage, Wizkid na Mr Eazi, bose bafise amamuko muri Nijeriya, babandanya kumenyekana kurushiriza, bakaba bamaze kuba abacuraranzi bo ku rwego rwo hejuru cane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG