Uko wahagera

Umuryango w'Ibihugu vy'Ubulayi Utegerezwa Gufata iya Mbere mu Kuryanya COVID-19


Chanceliere w'Ubudagi Angela Merkel

Chanceliere w’Ubudagi, Angela Merkel yatangaje ku musi wa gatatu ko umuryango w’Ubumwe bw’Ubulayi utegerezwa gufata iya mbere mu rugamba rw’ukurwanya ikiza c’umugera wa Corona kw’isi. Na cane cane mu gihe imigenderanire hagati y’umuryango w’ibihugu vy’Ubulayi na Reta Zunze Ubumwe za Amerika itoroshe muri iki gihe.

Merkel yavuze ko ikiza c’umugera wa Corona cagize ingaruka zikomeye mu makungu mu vyerekeye ubutunzi n’imibano.

Yavuze ko umuryango w’Ubumwe bw’Ubulayi udashobora gutorera inyishu ibibazo biri mu makungu wonyene. Amenyesha ko naho hari ibibazo muri iki gihe ku vyerekeye gukorana hagati y’umuyango w’ubumwe bw’Ubulayi na Amerika, Amerika igifitiye akamaro kanini uwo muryango.

Avuga ko gukorana na Amerika bikiri inkingi ikomeye ya politike yo hanze y’umuryango w’ibihugu vy’i Bulaya.

Yatangaje kandi ko kuguma bakorana n’Ubushinwa ari ngirakamaro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG