Uko wahagera

Zambiya Iriko Iragira Itohoza ku Bashinwa 3 Bishwe


Zambiya kw'ikarata
Zambiya kw'ikarata

Igipolisi mu gihugu ca Zambiya cahagaritse abantu 3 bagirizwa ko bagandaguye abashinwa 3, baraturira ibiziga vyabo mw’ihinguriro rikora impuzu.

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati, Stephen Kampyongo yemeye ko hazoba rikomeye kw’igandagurwa ry’abo bashinwa 3 ryabaye ku musi w’Imana.

Abo bashinwa biciwe mw’ihinguriro rikora impuzu ry’abashinwa, “Blue Star”riri ku murwa mukuru wa Zambiya, Lusaka.

Ubwo bwicanyi bubaye mu gihe Reta iriko ifatira ingingo zizomeye abashinwa bakorera imirimo y’ubudandaji mu gihugu bavurwa ko bakora ikumira ku banyazambiya.

Hari kandi icuka kibi catewe nuko hari amakuru avuga ko abashinwa bayoboye amahinguriro muri Zambiya bategeka abakozi kuryama ku kazi kugira ntibikwiragize ikiza c’umugera wa Corona.

Ambasade y’Ubushinwa muri Zambiya ivuga ko ubwicanyi bwakozwe ku bashinwa ku musi w’Imana muri Zambiya ari icaha kigayitse c’ukwiyamiriza.

Igipolisi muri Zambiya gitangaza ko icatumye ubwo bwicanyi bukorwa kidatomoye. Ubwo bwicanyi bakworewe mu gice citwa Makeni ku murwa mukuru, Lusaka.

Mu ndwi nkeyi zirangiye, umukuru w’umurwa mukuru, Lusaka, Miles Sampa yafashe iya mbere mu gikorwa c’ukwugara ibibanza bigira imirimo y’ububandaji biri mu minwe y’abashinwa, harimwo ibibanza abantu bimwesherezamwo imishatsi n’uburiro. Ni inyuma yuko ababa ku murwa mukuru, Lusaka bavuze ko ivyo bibanza bibakumira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG