Uko wahagera

Abasirikare 8 ba Reta ya Somaliya Barahitanywe na Bombe


Inteko za Reta ya Somaliya
Inteko za Reta ya Somaliya

Abasirikare 8 ba Reta ya Somaliya barishwe ku musi wa kabiri igihe bombe yaturitsa imodoka barimwo hafi y’imihana y’ahitwa Golaoley, ku bilometero 40 mu buraruko bw’umurwa mukuru, Mogadisho.

Umutegetsi akomeye w’umusirikare atashatse ko izina ryiwe rimenyekana yabwiye Ijwi rya Amerika ko abandi basirikare 2 bakomeretse, umwe muri bo yaakomeretse bikomeye cane.

Imodoka iyo bombe yaturikije yari imwe mu modoka 3 z’igisirikare zari zivuye mu kibanza ca gisirikare c’ahitwa Qalimow zigiye mu gisagara ca Bal’ad igihe iyo bombe yaturika.

Ibiziga vy’abasirikare bapfuye vyajanywe mu gisagara ca Bal’ad kugira bishingurwe.

Umurwi w’intagondwa z’abayislamu al-Shabab wariyitiriye mu gitero co ku musi wa kabiri.

Umusirikare mukuru ayoboye igisirikare ca Somaliya ntiyishuye telephone yiwe igihe yahamarwa na Radaiyo Ijwi rya Amerika, servisi y’igisomali.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG