Uko wahagera

Igiteramo c'Abacuraranzi bo muri Afrika ku Bijanye na COVID-19


Angelique Kidjo, umucuraranzi rurangiranwa aturuka mu gihugu ca Benin
Angelique Kidjo, umucuraranzi rurangiranwa aturuka mu gihugu ca Benin

Abacuraranzi n’abandi bantu rurangiranwa barenga 100 bo ku mugabane w’ Afrika n’abo hanze yawo bagagirishije igiteramo hakoreshejwe ubuhinga bwa video. Televiziyo 200 zo muri Afrika zarerekanye ico giteramo ku musi wa mbere, umusi wari wahariwe Afrika.

Umuririmvyi rurangiranwa wo mu gihugu ca Senegal, Youssou N’Dour na Angelique Kidjo wo muri Benin, bari muri abo bacuraranzi. Igiteramo c’abo bacuraranzi cari kigenewe gukangurira abantu ku vyerekeye ikiza c’umugera wa Corona.

Umucuraranzi wo mu gihugu ca Mali, Sidiki Diabate yatangaje, igihe ico giteramo catangura, ko Afrika izosubzira kugira inguvu inyuma yuko ikiza c’umugera wa Corona kirangiye. Yavuze ko abanyafrika bagiye hamwe, atakizobatsinda.

Abacuraranzi, Salif Keita wo mu gihugu ca Mali, Fallay Ipupa wo muri Republika ya demokrasi ya Kongo na Femi Kuti wo muri Nijeriya nabo nyene bari muri ico giteramo. Abo bacuraranzi baririmba bari mu ngo zabo canke bari muri studiyo.

Youssou N’Dour, ari mu bateguye ico giteramo yavuze ko abacuraranzi bashobora kugira uruhara rukomeye mu bintu bitari bike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG