Uko wahagera

Zambiya: Imbabazi ku Bagabo 2 Babana Nk'abubakanye Bari Baciriwe Umunyororo w'Imyaka 15


Prezida wa Zambiya, Edgar Lungu
Prezida wa Zambiya, Edgar Lungu

Prezida w’igihugu ca Zambiya, Edgar Chagwa Lungu yaragiriye ikigongwe abagabo babiri babana nk’abubakanye bari baciriwe imyaka 15 m’umunyoro mu kwezi kw’icumi na rimwe kw’umwaka uhaze hisunzwe amategeko yo mu gihe ca gikoloni. Dosiye y’abo bantu yarateye ibibazo hagati ya Zambiya na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Japhet Chataba afise imyaka 39 na Steven Sambo afise imyaka 31 bari mu banyororo 3.000 bagiriwe imbabazi na Prezida Lungu ku musi wa gatanu w’indwi irangiye mu ntumbero y’ukwibuka umusi wahariwe ubwigenge muri Afrika.

Umucamanza wa sentare nkuru muri Zambiya yari yaciriye Japhet Chataba na Steven Sambo imyaka 15 mu munyororo hisunzwe amategeko aziririza imibonano mpuzabitsina hagati y’abasangiye ibitsina.

Iyo ngingo yri yanabaguwe na Ambasaderi wa Reta Zunze Ubume za Amerika muri Zambiya, Daniel Foote. Yari yatangaje ko ico gihano cari kirenze urugero kandi ko vyari gutosekaza isura y’igihugu ca Zambiya.

Mu kiringo c’imyaka cumi irangiye, ibihugu bitari bike vyo muri Afrika vyaragiranye ibibazo n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi ku bijanye n’uburenganzira bw’abakundana n’abo basangiye ibitsina.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG