Uko wahagera

Abana muri Cote d’Ivoire Basubiye mu Mashule


Cote d'Ivoire kw'ikarata
Cote d'Ivoire kw'ikarata

Abana ibihumbi n’ibihumbi bambaye udufukamunwa basubiye mu mashule ku musi wa mbere mu gihugu ca Cote d’Ivoire. Cote d’Ivoire nico gihugu ca mbere co mu karere ko muri Afrika yo mu burengero gisubiye kwugurura amashule inyuma yuko yugawe mu kiringo c’amezi abiri kubera ikiza c’umugera wa Corona.

Cote d’ivoire ifise abantu 2.376 bemejwe ko bafise umugera wa Corona. Yamara abategetsi b’ico gihugu barishimiye ko abanyeshule bazoshobora kwigira hamwe ata ngorane inyuma yuko hafashwe izindi ngingo kurushiriza zerekeye isuku.

Bamwe mu banyeshule batangaje ko bari bafise ubwoba mu ntango. Yamara inyuma yuko babonye ko ingingo zijanye n’ukwikingira zubahirijwe, ubwoba bwaciye buhava.

Bisa n’uko ibihugu bibanyi vya Cote d’Ivoire bizokwirikiranira hafi ingingo y’ico gihugu y’ugusubira kwugurura amashule kugira birabe niba idashobora gutuma ibitigiri vy’abandura umugera wa Corona vyiyongera.

Abategetsi bo mu bushikiranganji bujejwe indero muri Cote d’Ivoire bamenyesha ko batafashe minenegwe ivyerekeye iyo ingingo. Bavuga ko bategerezwa kubona ko abanyeshule baheraheje amashule yabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG