Boris Johnson yarashigikiye umwe mu bahanuzi biwe bakomeye, Dominic Cummings yarenze ku mabwirizwa aziririza abanyagihugu kuva mu ngo zabo.
Cummings yagize ibilometero 400 n’imodoka agiye aho abavyeyi biwe baba avuye mu gisagara ca Londres. Ni mu gihe we n’umupfasoni wiwe bari bafise umugera wa Corona.
Abanyapolitike batavuga rumwe na Reta basavye ko Cummings atanga imihoho canke yirukanwa mu mabanga yiwe. Ivyo kubera yarenze ku ngingo aziririza abantu kuva mu ngo zabo kiretse bakeneye ibintu vya ngombwa cane.
Na bamwe mu mugambwe w’umushikiranganji wa mbere, Boris Johnson basavye ko Cummings yotegerezwa kwirukanwa mu mabanga yiwe.
Amategeko mu gihugu c’Ubwongereza asaba kandi uwariwe wese afise ibimenyetso vy’umugera wa Corona kwikumira mu kibanza ca wenyene.
Yamara Domic Cummings yatangaje ko yategerezwa kugira urugendo igihe yemenya ko we n’umupfasoni wiwe bari bafise umugera wa Corona.
Ubwongereza buza ubwa kabiri mu bihugu bifise ibitigiri biri hejuru cane vy’abamaze guhitanwa n’ikiza c’umugera wa Corona. Ni ukuvuga abantu 36.000.
Facebook Forum