Uko wahagera

USA: Joe Biden Yaserutse Ahabona Ubwa Mbere Kuva mu Kwezi kwa Gatatu


Umukandida w'umudemokrate muri Amerika,Joe Biden n'umutambukanyi wiwe, Jil Biden
Umukandida w'umudemokrate muri Amerika,Joe Biden n'umutambukanyi wiwe, Jil Biden

Joe Biden, abonwa ko ari we azoserukira umugambwe w’abademokrate mu matora y’umukuru w’igihugu mu kwezi kw’icumi na rimwe kw’uyu mwaka muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yaraserutse ahabona ku musi wa mbere inyuma y’ikiringo kirenga amezi abiri. Hari ku musi w’ukwibuka abasirikare b’abanyamerika baguye ku rugamba.

Irya nyuma yari yagiye ahabona hari kw’italiki 15 z’ukwezi kwa gatatu igihe yaharira kuri televiziyo n’uwo bahoze bahiganwa ku ruhande rw’abademokrate, Bernie Sanders.

Biden yatangaje ko anezewe kubona avuye mu nzu. Yari yagumye i muhira iwe mu gisagara ca Wilmington muri Reta ya Delaware mu ntumbero y’ugukwirikira ingingo zigenewe gukingira abageze mu za bukuru n’ukwirinda ikwiragira ry’umugera wa Corona.

Biden atangaza ko we n’umupfasoni wiwe bavuye i muhira mu gihe gusa bagiye kugorora imitsi rimwe na rimwe kuva hagati mu kwezi kwa gatatu.

Ku musi wa mbere we n’umupfasoni wiwe bashize urugori rw’amashurwe ku cibutso c’abasirikare b’abanyamerika baguye ku rugamba mu gisagara ca New Castle muri Reta ya Delaware.

Biden yavuze ko badakwiye kwigera bibagira ukwitanga kw’abasirikare baguye ku rugamba.

Ikiza c’umugera wa Corona carabaye intambamyi ikomeye ku gikorwa ciwe c’ukwiyamamaza. Amaze ikiringo kirenga amezi abiri akoresha imbuga ngurukanabumenyi mu gikorwa ciwe c’ukwiyamamaza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG