Uko wahagera

Afuganisitani Yarekuye Abanyororo b'Abatalebani 2000 kuri Ramazani


Prezida wa Afuganistani, Asharaf Ghani, yararekuye abanyororo b’abatalibani bagera ku 2.000. Iyi ngingo yayifashe inyuma yuko bashikirije ivyerekeye agahengwe mu kiringo c’ibirori vy’uguhimbaza irangira ry’igihe c’iramazani.

Prezida Ghani yatangaje ko reta yiwe yiteguriye kugira ibiganiro vy’amahoro n’abatalibani inyuma yuko yemeye agahengwe k’imisi itatu bashikirije mu gihe c’ibirori vy’uguhimbaza irangira ry’ikiringo c’iramazani.

Ingingo ya Prezida Ghani y’ukurekura abanyororo b’abatalibani yafashwe kugira bifashe umugambi w’amahoro muri Afuganistani.

Amasezerano Reta ya Afuganistani yagiranye ku kwezi kwa kabiri n’abatalibani asaba kurekura abanyororo b’abatalibani bagera ku 5000 mu gihe abatalibani basabwa kurekura abajejwe umutekano wa reta bagera ku 1000.

Gukaba abanyororo bibonwa nk’intambwe yerekeye ukwizigirana hagati y’izo mpande zibiri imbere y’ibiganiro vy’amahoro hagati ya reta n’abatalibani.

Imbere y’ingingo yatangajwe ku musi w’Imana, Reta yaza yarekuye abatalibani bagera ku 1.000 mu gihe abatalibani bari barekuye abasirikare bajejwe umutekano bagera ku 300.

Prezida wa Afuganistani, Asharaf Ghani, yatangaje ko reta yiwe yiteguriye gutangura idatevye ibiganiro vy’amahoro n’abatalibani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG